Colonel Muporo, umwe mu batanguje FDD, apfungiwe muri Tingitingi mu Mpimba ! Abamuzi mu ntango y’urugamba rwa FDD mu 1994 bamuvuga nk’intwari idasanzwe. Mu gihe uwo batazira Savimbi yagwanira mu Kamenge, uwo Muporo nawe yagwanira mu Kinama. Mu nyuma yaragwaniye mu bindi bice bitari bike vya Bujumbura. Abamuzi bose muri ico gihe bamuvuga nk’umuntu yitanga cane kugira akingire abanyagihugu mu duce yari ajejwe. Amazina yiwe y’ukuri ni Léonidas Hatungimana. Ariko ntihagire abamwitiranya na Léonidas Hatungimana batazira “Tout Autre“ yahoze ari umuvugizi wa Prezida Nkurunziza. Léonidas Hatungimana batazira Muporo yahavuye yinjira mu gisirikare intambara imaze guhagarara. Mu gisirikare yari azwi nk’umuntu arinda kandi adatinya kuvuga ukuri. Biri mu bisigura impamvu atari muri ba Général kandi ariwe yatanguye urugamba. Mu mateka yiwe mu gisirikare azwi mu rugamba yakoreye muri Somalia arasenyura ikirindiro gikomeye ca El-Shabab. Kwa kuvuga ukuri k
Hide player controls
Hide resume playing